Umugera wa Zika watowe mu gihugu ca Tanzania

Ahavuye isanamu, AP
Umugera wa Zika utuma havuka abana bafise udutwe dutoduto
Ikigo gikora ubushakashatsi ku ngwara z’abantu, NIMR, cemeje ko hatowe umugera wa Zika mu gihugu ca Tanzania.
Nk’uko umukuru w’ico kigo abivuga, Dr Mwele Malecela, uwo mugera watowe mu ntara ya Morogoro, mu buseruko bwa Tanzania hamwe no mu ntara ya Geita, mu buraruko bushira uburengero bw’ico gihugu.
Ubwo bushakashatsi bwakozwe kubera haboneka nk’ahantu hashobora gutuma havukira imibu ikwiragiza mwene uwo mugera.
Dr Mwele Malecela yabwiye BBC ko ubu reta iriko iritegura gukingira abapfasoni bibungenze ngo ntabaribwe n’iyo mibu itera uwo mugera.
“Turacabandanya kurondera kumenya ubwoko bw’uwo mugera wa Zika. Ariko ivyo birazwi ko iyo mibu ikwiragiza Zika yashitse mu gihugu cacu, kandi uko aha iwacu hameze ntihatandukanye na Amerika y’epfo hamwe n’igihugu ca Thailand aho iyo ngwara irangwa,” uko ni ko umupfasoni Malecela yavuze.
”Ibi twabitoye mu bantu, kandi turabandanya kurondera umubu twosangamwo uwo mugera, kugira tubone ko uwo mugera wari uhasanzwe muri iki gihugu ko gusa utari bwagaragare.”
”Ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka, kumenya y’uko uri mu gihugu kandi ko abapfasoni bibungenze bashobora kwibaruka abana banduye, bizodufasha kubakingira. Tuzokoresha inguvu zose mu kugwanya uwo mugera kugira ntiwongerekane.”
Umugera wa Zika utuma havuka abana bafise udutwe duto mu bihugu vya Amerika y’epfo na cane cane muri Brezil.
Mu ntango z’uyu mwaka, reta ya Tanzania yasavye abaganga bose kurikanura igihe Zika yatera muri Brezil.
Umugera wa Zika ukwiragizwa cane n’imibu n’aho havugwa n’abantu bandukizwa uwo mugera biciye mu kurangura amabanga y’abubatse.
Ntibiramenyekana ubwoko bw’umugera wa Zika watowe muri Tanzania ko woba ari uwutuma abana bavutse baza bafiwe umutwe muto nko muri Amerika y’epfo.
Umugera nk’uwo watowe ubwa mbere ku mugabane wa Afrika mu mazingaya Cap Vert mu kwezi kwa gatanu muri uyu mwaka.
Ishamba rya Zika aho uwo mugera watanguriye mu 1947
Izina ry’uwo mugera riva kw’ishamba rya Zika, riri muri Uganda aho uwo mugera watowe ubwa mbere mu 1947.
Benshi mubanduye ubwoko bw’uwo mugera bwa mbere, bagira umuriro atari mwinshi, intuguta hamwe n’ububabare bwo mu ngingo.
Ariko ubwoko bwa Zika bw’ubu, bwadutse mu mpera z’umwaka wa 2015 muri Brezil, ibimenyetso vyayo birakomeye cane kandi uwo mugera utuma abantu batagira ubwenge bukwiye hamwe n’utundi tugorane mu mubiri.