Obama yiyemeje gufatira ingingo Uburusiya

Ahavuye isanamu, REUTERS
Umubonano wa Obama na Putin i New York mu 2015
Prezida wa Amerika Barack Obama yiyemeje gufatira ingingo Uburusiya kubera ibivugwa ko ivanze mu matora ya prezida wa Amerika.
“Dukeneye gufata ingingo kandi tuzoyifata,” ni ko yabwiye iradio NPR yo muri Amerika.
Uburusiya buguma bwagirizwa na Amerika kwunjira muri meyili z’umugambwe w’aba demokrate hamwe n’umuhanuzi akomeye wa Hillary Clinton, ivyo Uburusiya buguma bwamirira kure.
Prezida aheruka gutorwa Donald Trump na we yariyamirije ivyo bivugwa, avuga ko ari “ibiterasoni” kandi ko bifise imvo za politike.
Ibiro bijejwe iperereza bivuga ko bifise ivyemeza ko abasuma bo kuri internet bashigikiwe n’Uburusiya ari bo babikoze.
Ku musi wa kane, umuvugizi w’ibiro vya prezida muri Amerika yavuze ko prezida Vladimir Putin afise uruhara muri ubwo busuma bwo kuri internet.
Mu nyuma Obama yavuze:” Nibaza ko ata nkeka ko igihe reta iyo ari yo yose igerageje kwonona amatora yacu, ko dukeneye gufata ingingo, kandi tuzozifata igihe dushakiye.
“Zimwe zizoba ku mugaragaro. Izindi zishobora kutaboneka.
“Putin arazi uko niyumva kubera ivyo, kubera twaravuganye ubwiye ibivyerekeye.”

Ahavuye isanamu, REUTERS
John Podesta yari ayoboye imyiyamamazo ya Hollary Clinton yaribwe meyili ziwe zishirwa ku rubuga rwa wikileaks
Ntibigaragara neza iingingo Amerika iteganya gufata, mu gihe Obama azova ku butegetsi itariki 20 z’ukwezi kwa mbere.
Ishirwa ahabona rya meyili ryaraciye intege umugambwe w’aba demokrate mu gihe gikomeye c’imyiyamamazo.
CIA yasanze ico Uburusiya bwari butumbereye kwari ugushaka ko Trump ari we atsinda, ariko nta kivyemeza kirashirwa ahabona.