Syria yahagaritse kwimura abantu ba Aleppo kubera abagwanyi

Insiguro ya video,

Amasanamu afatiwe mu ndege yerekana iyimurwa ry'abantu Aleppo, bava mu karere kahora kagenzurwa n'abarwanyi

Ubutegetsi buvuga ko inyeshamba zaburagije igikorwa co kwimura aba civiles bo mu bisagara bibiri vyegamiye ubutegetsi kandi vyari mu vyo bumvikanye.

Hagataho amabisi atwaye abanyagihugu bavuye mu buseruko bwa Aleppo yarashwe.

Igisirikare ca Syria gifashijwe n'Uburusiya cafashe hafi udusagara twose two muri Aleppo twari mu minwe y'inyeshamba.

Ibituma bitandukanye vy'ihagarika ry'igikorwa co kwimura abanyagihugu biratanguye kuja ahabona.

Imboneshakure y'igihugu yavuze ko inyeshamba zashatse kugenda zijanye n'abo zagize imbohe igihe zariko zirava mu turere twafashwe.

Amakuru ava mu gisirikare ca reta ya Syria yavuze ko abantu bagumutse bazibiye ibarabara rikoreshwa mu kwimura abagwanyi n'aba civiles, basaba ko abanyagihugu bokwemererwa kuva mu bisagara vya Foua na Kefraya vyo mu ntara ya Idlib bigwiriyemwo abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Shia, ako karere kakaba kagenzurwa n'inyeshamba zigwanya ubutegetsi bwa Prezida Bashar al-Assad.