Ubwoba muri RDC mu gihe Kabila arangije ikiringo

Prezida Kabila ari ku butegetsi kuva mu 2001

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Prezida Kabila ari ku butegetsi kuva mu 2001

Amatati ya politike arabandanya muri RDC mu gihe prezida Joseph Kabila arangiza ikiringo ciwe uyu musi nk’uko bitegekanijwe n’ibiwirizwa shingiro.

Ibiganiro vyo kurondera inyishuhagati ya reta n’abo batavuga rumwe vyarungururijwe ku rindi sango mu ndwi iheze, inyuma y’uko binaniranye ko bashika ku masezerano.

Bitegekanijwe ko ivyo biganiro birongowe n’abasenyeri ba Ekleziya Katolika, bisubira kuba kw’itariki 21 ukwezi kwa cumi na kabiri.

Hari Ubwoba ko hashobora kwaduka imyiyerekano ku musi wa mbere, abayoboke b’imigambwe itavuga rumwe na reta biyamiriza prezida Kabila ngo ave ku butegetsi.

Abatavuga rumwe na reta bagiriza prezida Kabila ko ari we afise uruhara runini muri ayo matati mu gushaka kuguma ku butegetsi.

Abantu barenga 50 barishwe mu myiyerekano y’abatavuga rumwe na reta mu kwezi kw’icenda.

Abapolisi batatu na bo nyene bariciwe muri iyo myiyerekano.

Prezida Kabila yavuze ko azoguma ku butegetsi kubera amatora ntiyabaye igihe yari ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe, ku buryo ubu atawomusubirira.

Abasirikare n’abapolisi bagavye ku mugwa mukuru Kinshasa, mu gihe imitima iri mu kirere hibazwa ko hashobora kuba iyindi myiyerekano.

Reta yategetse amashirahamwe y’itumatumanako gupfunga imbuga zose ngurukanabumenyi, kandi guhana bikomeye abahirahira bagakora imyiyerekano.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru Lambert Mende yabwiye BBC: ”Kabila azoguma ku butegetsi gushika prezida mushasha atorwe. Nta kindi gishobora gukorwa. Hagize umuntu ashaka gutera umudugararo aha mu gisagara, arahura n’igipolisi nk’uko bisanzwe bikorwa no mu yindi mihingo y’isi.”

Amatora yungururijwe mu 2018, ingingo abatavuga rumwe na reta banegura bavuga ko ari amayeri ya prezida Kabila yo kuguma ku butegetsi.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abantu mirongo itanu bariciwe mu myiyerekano y'abatavuga rumwe na reta mu ntango z'ukwezi kw'icenda

Nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro, ikiringo ca kabiri ca prezida Kabila, yagiye ku butegetsi inyuma y’igandagurwa rya se wiwe Laurent Kabila mu 2001, categerezwa kurangira itariki 19 hanyuma prezida mushasha agatangura amabanga yiwe itariki 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Mu mwaka uheze, abantu 12 bariciwe mu myiyerekano y’abatavuga rumwe na reta.

Kuva igihugu ca RDC kironse intahe yo kwikukira haraciye imyaka irenga 55, nta mukuru w’igihugu n’umwe arashikiriza ubutegetsi bw’uwumusubiriye mu mahoro n’umutekano.