Hagati ya Trump na Clinton ni nde agiye kurongora Amerika?

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Donald Trump yarushijwe amajwi na Hillary Clinton arenga imiliyoni zibiri n'igice
Intumwa zijejwe gutora prezida wa Amerika batanguye ibikorwa vyo kwemeza ivyavuye mu matora ya prezida muri ico gihugu.
Mu matora aheruka, uwaronse amajwi menshi mu bisanzwe ni na we yaba yaronse amajwi menshi y’abaserukira abandi, amatora rero yo kumwemeza kwaba ari nko guheza ibwirizwa gusa.
Ariko muri kino gihe, prezida yatowe Donald Trump wo mu mugambwe w’abarepublicain yaronse amajwi menshi y’abaserukira abandi mu ntara bahiganirwa cane.
Uwo bari bahanganye Hillary Clinton yaronse amajwi menshi y’abanyagihugu, aho yarushije Trump amajwi arenga imiliyoni zibiri n’igice mu gihugu cose.
Ivyo vyateye ibibazo vyinshi ku kamaro k’izo ntumwa zitora umukuru w’igihugu muri Amerika.
Abantu bababa imiliyoni zitanu barashize umukono ku rwandiko rusaba izo ntumwa ngo bahindure batore umupfasoni Clinton.
Prezida mushasha azorahizwa mu gisagara ca Washington itariki 20 ukwezi kwa mbere.
Ubwa nyuma uwitoza yatsinzwe afise amajwi menshi y’abanyagihugu ariko bikanka ko aba prezida hari mu 2000, igihe prezida George Bush yarushwa na Al Gore ku majwi 500.000, ariko aba ari we atorerwa kuba prezida.

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Umupfasoni Hillary Clinton
Amajwi imiliyoni 2.5 ya Hillary Clinton ari musi cane ugereranije n’amajwi imiliyoni 3 ya George W Bush yarushijE John Kerry mu 2004.
Amatora yo mu 2004 ni yo yitabwe n’abantu benshi gusumba ayo mu 2016 ku rugero rw’ibice 1,7 kw’ijana.