Sudani: Umunsi wo kugarariza

Ahavuye isanamu, AFP
Bashir yatanguye gutwara mu 1989 ahiritse ubutegetsi
Igabanywa ry'ibitoro reta yahora itanga ryatumye ibiciro biduga mu gihe bisigaye bigoye kwibeshaho gushika ku mpera y'ukwezi.
Prezida Omar al-Bashir yariyamirije cane abasavye abanyagihugu kutaja mu mirimo avuga ko badashobora gutembagaza reta yiwe.
Iyo myiyerekano yashigikiwe n'abantu bake ugereranije n'iyo mu kwezi guheze bitewe nuko reta yayihanikije yivuye inyuma n'ingingo yafashe yo guhagarika umugambi wo kuduza ibiciro vy'imiti.