RSF : Abamenyeshamakuru 57 bishwe mu 2016

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Syria nico ca mbere ku isi kimaze gupfiramwo igitigiri kinini c'abamenyeshamakuru
Igihugu ca Syria caguyemwo abamenyeshamakuru 19 mu 2016 cabaye "umuriro udahera", gikurikirwa na Afghanistan (10), Mexique (9), Irak (7) na Yémen (5), niko ico kigo kivuga.
Abamenyeshamakuru icenda bakorera mu gisata ca "blog" hamwe n'abafashanya n'ibigo vy'itangazamakuru nabo nyene barishwe uno mwaka, nkuko RSF yabishikirije mu cegeranyo isohora ku mwaka.
"Igabanuka ry'ico gitigiri gisigurwa nuko abamenyeshamakuru basigaye bahunga uturere bosigamwo ubuzima nka Syria, Iraki, Libiya, Yémen, Afghanistani, Bangladesh n'Uburundi aho amakuru atagitangwa neza kandi harangwa ingeso yo kudahana ivyaha", ico kigo niko gisigura.
Benshi mu bamenyeshamakuru bapfiriye mu bihugu vyabo kiretse bane bapfuye bariko bakorera hanze.
Syria nico gihugu kivugwa ko caguyemwo abamenyeshamakuru benshi cane kurusha ahandi ku isi: 19 mu 2016 hamwe na 9 mu 2015.
Mexique nayo nico gihugu caguyemwo abamenyeshamakuru benshi ku mugabane wa Amerika, icenda mu mwaka 2016, nkuko RSF ivuga.
Nico gihugu kirimwo amahoro ariko kigwamwo abamenyeshamakuru benshi.
Niburiburi abamenyeshamakuru 780 barishwe muri ino myaka cumi ya nyuma bariko barangura umwuga wabo, ku bitigiri bitangwa n'ico kigo.