Umukinyi wa film Gabor yitavye Imana afise imyaka 99.

Uwo mukinyi wa film ari kumwe n'umugabo wiwe wa nyuma Frederic von Anhalt

Ahavuye isanamu, AFP/ GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Uwo mukinyi wa film ari kumwe n'umugabo wiwe wa nyuma Frederic von Anhalt

Umugabo wiwe bari bubakanye ubu Frederic von Anhalt yavuze ko uwo mukinyi wa cinema yapfuye afashwe n’ingwara y’umutima akikijwe n’incuti n’abagenzi.

“Abantu bose bari ngaho. Ntiyapfuye ari wenyene.”

Yakoze film zirenga zitandatu ariko yamenyekanye cane mu gukunda abagabo benshi.

We nyene yiharuriye Zsa Zsa Gabor yubatse incuro umunani n’igice, kuko ntiyemera ko ubugeni bagiranye n’umunya Espagne mu 1983 bwari ubugeni bwikwiye.

Yarabaye rurangiranwa imyaka n’iyindi imbere y’uko hatangura kuvugwa Paris Hilton canke Kim Kardashian.

Ijwi ryiwe ryo guteramisha na ryo nyene ryari igitangaza.

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Gabor ariko aravuza piano ari kumwe na benewabo Eva (mu bubamfu) na Magda mu 1954

Avuga ku catumye atamarana n’abagabo umwanya muremure, Gabor yavuze ko abo bubakana bose yisanga ari we acungera inzu, kandi ko uko bagenda baravana bagenda bamusigira inzu.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Zsa Zsa Gabor yavukiye mu gisagara ca Budapest mu gihugu ca Hongria itariki 6 ukwezi kwa kabiri mu 1917, aca yimukira muri Amerika mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose.

Yakinye muri film ya mbere mu 1952.

Yakinye muri film zirenga 70, ariko yamenyekanye cane ku kungene y’ifata neza mu buzima bwiwe.

Yagiye ku mugabo ubwa mbere afise imyaka 20, na yo umugabo bamaranye umwanya muremure ni uwa nyuma igihe yari afise imyaka 70 aho bubakana na Frederic von Anhalt.

Gabor yabaye Miss Hongrie mu 1936, ariko mu nyuma aza kwakwa ico kibanza kubera yari yabeshe mu myaka yiwe kugira bamwemerere kuja muri iryo higanwa.

Yarakinye muri film zakunzwe cane nka Moulin Rouge (1952), Lili (1953) na Queen of Outer Space (1958).

Mu misi iheze, yarakinye muri film ya Nightmare mu rukurikirane rwa film Elm Street hamwe na film zo gutwenza za Naked Gun.

Umwana wiwe rukumbi ni Constance Francesca Hilton, yavyaranye n’umugwizatunga afise amahoteli menshi, Conrad Hilton.

Yavutse mu mwaka wa 1947.

Insiguro y'isanamu,

Zsar Zsar Gabor akiriho

Bivugwa ko umusi umwe nyina wiwe yamubwiye: “Si ngombwa ko uca wubakana n’umugabo ngo n’uko muryamanye.”

Gabor yavuze ko hariho impamvu zatuma yubakana n’abo bagabo “ kuko sinigeze ndeka kuba umukatolika mu mutima wanje.”

Mu gitabo ciwe cerekeye ubuzima bwiwe yanditse mu 1993 kw’izina rya “One Lifetime is Not Enough”, yavuze ko yaciwe ince na Kemal Ataturk, yatanguje igihugu ca Turkia, afise imyaka 15.

Yaravuze kandi ko bakundanye n’abakinyi wa film rurangiranwa James Bond Sean Connery na Frank Sinatra, uretse ikindi gitigiri kinini c’abagabo bubakanye.

Yigeze no kuvuga ko yanse John F. Kennedy na Elvis Presley