Ubuchina bwasubije Amerika "drone" bwafashe igendera munsi y'amazi

Ubwato USNS Bowditch bwarekuye "drone" igendera munsi y'amazi

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Ubwato USNS Bowditch bwarekuye "drone" igendera munsi y'amazi

Iyo "drone" yasubirijwe ku 92km mu buraruko bushira uburengero bwa Subic Bay mu gihugu ca Philippines, nkuko ubutegetsi bwavuze.

Ubuchina bwafashe iyo ndege idakenera umudereva mu karere k'amazi mpuzamakungu, higeze kubera amakimbirane akomeye cane hagati y'ibihugu vy'ibihangange haraheze ibinyecumi.

Amerika ivuga ko izobandanya "iguruka, icisha amato kandi ikorera mu bumanuko bw'ikiyaga c'Ubuchina aho amategeko mpuzamakungu ayirekurira.

"Inyuma y'umubonano wa kivandimwe hagati y'Ubuchina na Amerika, iyo "drone" yaciye isubizwa ku mutaga,"nkuko itangazo ry'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubuchina ryo ku musi wa kabiri rivuga.

Ibiro bikuru vy'igisirikare Pentagone vyavuze ko ivyabaye bidafashe uravye amategeko mpuzamakungu n'amategeko asaba ingene inteko zo mu mazi zikwiye kwigenza, bivuga ko bigiye kubandanya itohoza.

Ubwato bwa gisirikare bw'Ubuchina bwafashe iyo "drone" ku 92km mu buraruko bushira uburengero bwa Philippines mu bumanuko bw'ikiyaga c'Ubuchina ku munsi wa kabiri.

Ku bwa Pentagone, iyo "drone" izwi ko idakenera umudereva yari mu bikorwa vy'ubushakashatsi igihe yafatwa.

Itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubuchina rivuga ko ico kigendeshwa cafashwe ngo gisuzumwe ku neza y'umutekano w'amato aca muri ako karere.