Putin: Iyicwa rya Andrey Karlov ni agasomborotso

Andrei Karlov

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Andrei Karlov yari yitavye ibirori vyo kwerekana amafoto mu gisagara ca Ankara

Prezida Vladimir Putin yavuze ko iyicwa ry'uwuserukira Uburusiya muri Turkia , Andrey Karlov ku wa mbere ari agasomborotso kagamije kuburizwamwo kurondera amahoro muri Syria.

Prezida wa Turkia Recep Tayyip Erdogan yavuze ko iyicwa ry'uwo aserukira Uburusiya muri ico gihugu ari igitero kuri Turkia.

Karlov yishwe arashwe n'umpoli atari ku kazi kiwe, igihe yariko arashikirza ijambo ahariko harerekanirwa amafoto ku mugwa mukuru Ankara.

Amasanamu yerekana uwamurashe yambaye ikostime na karuvati, arashe uwo aserukira Uburusiya muri Turkia amuturutse inyuma, avugira hejuru amajambo ajanye n'igisagara ca Alep muri Syria.

Uwamurashe yaciye yicwa na we nyene arashwe n'igipolisi.

Akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi kiyamirije ubwo bwicanyi.

Inkuru zivuga ko uwo mwicanyi ari Mevlut Aydintas w'imyaka 22 yahora akora mu gisata c'igipolisi kijejwe kugwanya imidurumbanyo mu gisagara ca Ankara.

Ntibiramenyekana nimba yari afitaniye ubucuti n'umugwi n'umwe.

Recep Tayyip Erdogan yavuganye na Putin kuri telefone, ku butumwa bwa Video yavuze ko bose bemeje ko ico gitero ari ico "agasomborotso".

Uwo mwicanyi yavuze amajambo yerekeye Alep na Syria

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Uwo mwicanyi yavuze amajambo yerekeye Alep na Syria

Yavuze ko abashaka kwonona imigenderanire iri hagati y'ivyo bihugu bibiri batazobishikako.

Putin ku ruhande rwiwe yavuze ko "ata nkeka ko ari igikorwa c'ugusomborotso gifise intumbero yo kubuza ko hagaruka imigenderanire myiza myiza hagati y'ivyo bihugu no kwonona umugambi wo kugarukana amahoro muri Syria"

Abagira amatohoza bo mu Burusiya barungitswe muri Turkia gutohoza ivyashitse, nk'uko bivugwa n'umuvugizi wa prezida Putin, Dmitry Peskov.

Umunyamabanga mukuru wa Onu Ban Ki-moon hamwe na prezida w'Ubufaransa Francois Hollande banebaguye ubwo bwicanyi.

Abarongoye ibihugu vya Amerika, Ubwongereza, Ubudagi na bo nyene biyamirije ico gitero.

Umugwi urongowe n'umunye dini yahungiye muri Amerika, Feethullah Gulen na wo nyene wiyamirije ubwo bwicanyi.

Abantu bariko barinyegeza inyuma y'aho uwo mwicanyi arasiye

Ahavuye isanamu, Burhan Ozbilici

Insiguro y'isanamu,

Abantu bariko barinyegeza inyuma y'aho uwo mwicanyi arasiye

Igipolisi cazungurutse ico kibanza inyuma y'ubwo bwicanyi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Igipolisi cazungurutse ico kibanza inyuma y'ubwo bwicanyi

Karlov w'imyaka 62 yaramaze igihe kirekire aserukira igihugu ciwe mu makungu.

Yaraserukiye URSS muri Korea a ruguru mu myaka ya 1980.

Inyuma y'aho ico gihugu gisambukiye mu 1991, yaciye aja muri Korea y'epfo imyaka myinshi, imbere y'uko asubira muri Korea ya ruguru mu 2001.

Yari yagiye muri Turkia mu 2013