Abantu 20 bamaze kugwa mu myiyerekano muri RDC

Imyiyerekano i Kinshasa, DR Congo - 20 ukwezi kwa cumi na kabiri 2016
Insiguro y'isanamu,

Imyiyerekano ikomeye yabereye i Kinshasa ku mugwa mukuru wa RDC

Abantu barenga 20 biciwe mu mishamirano yabaye hagati y'abari mu myiyerekano n'abajejwe umutekano ku mugwa mukuru w'igihugu ca RDC , Kinshasa, aho bariko biyamiriza prezida Kabira bamwagiriza gushaka kuguma ku butegetsi, nk'uko bivugwa n'abakozi ba Onu.

Bamwe mu bapfuye barashwe n'abajejwe umutekano, uko ni ko ababibonye bavuga.

Ikiringo ca nyuma ca prezida kabira categerezwa kurangira ku wa mbere mw'ijoro, ariko gica kirongerezwa gushika mu 2018.

Abatavuga rumwe na prezida Kabira bavuga ko ukwanka kuva ku butegetsi kwa prezida Kabila bisa no gutembagaza ubutegetsi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abari mu myiyerekano bariko barasambura igishusho ca Prezida Kabila mu kwezi kwa cumi.

Akanama kajejwe gutegura amatora karunguruje amatora yari ategekanijwe mu kwezi guheze, kavuga ko hari ibibazo vy'ibikoresho n'uburyo.

Prezida Kabila ubu yashinze reta mfatakibanza irimwo abantu 74 bazorangiza ikiringo cabo mu 2018 habaye amatora.

Hari nkuru "zizewe" zivuga ko abanyagihugu 20 biciwe mu mishamirano i Kinshasa, nk'uko bivugwa na Jose Maria Aranaz, ashinzwe agateka ka muntu muri Onu akaba ari we akurikira ibiraba RDC.

"Kuvyerekeye abapfuye, ibintu vyifashe nabi cane," ni ko asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abari mu myiyerekano bavuga ko Kabila ari ku butegetsi hadakurikijwe amategeko

Urwamo rw'amasase rwumvikanye mu gisagara kigira kabiri ca Lubumbashi, ariko ntiharamenyekana abarashe abo ari bo.

Muri Video yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi, uwurongoye umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta Etienne Tshisekedi yahamagariye abantu kugira imyiyerekano mu mahoro mu kwiyamiriza prezida Kabila.

"Ndasavye ku mugaragaro abanye congo kutemera ubutegetsi budakurikije amategeko bwa Joseph Kabila no kumwiyamiriza mu mahoro," uko ni ko Tshisekedi yavuze.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Tshisekedi yateye akamo prezida Kabila ngo ave ku butegetsi

Ubutumwa bwiwe ntibwabonetse muri RD C aho abategetsi bugaye imbuga ngurukanabumenyi, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Kuva RDC cikukiye mu 1960, ntiharaba ihererekanywa ry'ubutegetsi mu mahoro.

Prezida kabila yagiye ku butegetsi mu 2001 inyuma y'iyicwa rya se wiwe Laurent Desire Kabila.

Ibwirizwa shingiro ntirimwemerera gutwara ikiringo kigira gatatu.