Abamaze gupfa bazize isabuni banyoye mu Burusiya ni 58

Amazi y'isabuni yakoreshejwe

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Amazi y'isabuni yakoreshejwe

Igitigiri c'abantu bamaze gupfa inyuma yo kunywa isabuni bibaza ko ari inzoga kimaze gushika ku 58 kivuye ku 49 nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vyo mu Burusiya.

Benshi mu 37 bamerewe nabi cane barabandanya kuvugwa mu gihe abandi baremvye cane.

Abo bantu banyoye amazi y'isabuni arimwo uburozi bukomeye bibaza ko ari inzoga nk'uko bivugwa n'akanama kajejwe kugira amatohoza.

Ariko ayo mazi yarimwo uburozi bwa Ethanol bushobora gutera uruhumyi.