Umwigeme yakoresha Twitter cane i Alep yabonanye na Erdogan

Ubutumwa wo kuri Twitter bwa Bana buvuga: "Ndanezerejwe no kubonana na Erdogan" Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter

Umwigeme w'umunye Syria w'imyaka indwi Bana Alabed yaguma yandika uko ubuzima bwifashe i Alep kuri Twitter , yabonanye na prezida wa Turkia Erdogan.

Bana na musazawe mutoyi yafashwe ifoto bicaye ku bibero vya Erdogan ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Ankara.

Prezida Erdon yarungitse intumwa idasanzwe yiwe muri Syria gutora Bana n'umuryango wiweinyuma yo guhunga igisagara ca Alep, nk'uko vyabwiwe BBC.

Bana yatanguye kumenyekana cane inyuma yo kuja ku rubuga rwa Twitter mu kwezi kw'icenda.

Urubuga rwiwe rwajako vyose vyerekeye urupfu rw'abagenzi biwe gushika kukugerageza kwiwe kubaho mu buzima busanzwe.

Ubu afise abamukurikirana barenga 325.000, harimwo JK Rowling, yamurungikiye igitabo ca Harry Potter kugira agisome.

Ku musi wa gatatu, Bana yashizeko kuri Twitter yiwe na prezida Erdogan, avuga ko "anezerewe cane" guhura na prezida, mu gihe kuri Video ngufi yumvikana avuga: "Warakoze gufasha abana bo mu gisagara ca Ale, no kudufasha kuvayo."

Nyina wa Bana, Fatemah , yakoresha iyo Twitter, yiyemeje kuyitanguza kugira yerekane " ingene abana bashegeshwe n'amabombe hamwe n'ibindi".

Mu ndwi ziheze, akamo ko gusaba imfashanyo kavuye kuri Bana na nyina wiwe - karatewe cane, mu gihe ingabo zishigikiye prezida Bashar al-Assad zari zisugereje uturere turi mu minwe y'abagwanya reta, twaguma duterwa amabombe n'indege z'intambara za Syria n'Uburusiya.

Inyuma y'aho reta izungurukiye ico gisagara , uwo muryango wavuye muri ico gisagara mu mugambi wo kubahungisha.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bana n'umuryango wiwe harimwo na basazawe babiri, bahunze igisagara ca Alep ku musi w'Imana.

Ariko nta mwanya bamaze muri Syria.

Mu masaha make bamaze hagati mu gihugu mu karere kari mu minwe y'abagwanya ubutegetsi mu burengero bwa Alep, Bana, nyina, se wiwe na basazawe babiri, baciye bajanwa na kajugujugu mu gihugu ca Turkia.

Benshi bibajije nimba urwo rubuga rwa Twitter rutakoreshwa mu kwiyamamaza kandi ko Bana atoba yaba muri Turkia.

Ariko amatohoza yakozwe urubuga ngurukanabumenyi rwa Bellingcat rwasanze iyo Twitter yakoresherezwa mu karere kari mu minwe y'abagwanyi mu gisagara ca Alep.

Ntibiramenyekana nimba uwo muryango uzoguma muri Turkia aho uzoba usanze izindi mpunzi z'abanye Syria imiliyoni 2.8 basanzwe bari muri ico gihugu.