Inzoka yinyegeje mu giti ca Noheli muri Australia

Inzoka yinyegeje mu giti ca Noheli

Ahavuye isanamu, SNAKE CATCHER VICTORIA

Insiguro y'isanamu,

Inzoka yinyegeje mu giti ca Noheli

Umupfasoni umwe yasanze inzoka ipima imetero yari yinyegeje mu giti ca Noheli mu gihugu ca Australia.

Uwo mupfasoni yaciye atabaza kugira bakure iyo nzoka mu nzu iwe I Melbourne ku musi w’Imana.

Umuhinga mu gufata inzoka Barry Goldsmith yavuze ko iyo nzoka yinjiye iciye mu mwenge w’umuryango, imbere y’uko yinyegeza mu bisharije igiti ca Noheli.

Inzoka zo mu bwoko bwa Tiger zikunze kuba ku nkengera y’igihugu ca Australia zifise ubumara bukaze cane.

Goldsmith yavuze ko uwo mupfasoni yafashe ingingo yo guhamagara vyihuta amaze kubona iyo nzoka.