Ishule rya NBA rigiye kwugurugwa muri Senegal

Imirwi ya Senegal y'abahungu n'abakobwa iri mu ya mbere muri Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imirwi ya Senegal y'abahungu n'abakobwa iri mu ya mbere muri Afrika

Amadou Gallo Fall, icegera c'uwurongora NBA ku mugabane wa Afrika, yabwiye BBC ko ico kigo kizomenyereza abahungu n'abakobwa b'imyaka 16 na 18.

Abanyafrika benshi baramaze gukina mu mirwi ikomeye yo mu ihiganwa rya NBA.

Fall asanzwe aturuka mu gihugu ca Senegal, yavuze kw'iryo shule rizokoresha amakuru risanganywe mu kurondera abakinyi ku mugabane wa Afrika.

Yavuze ko abakinyi bazohabwa vyose, abakinyi bakina neza kurusha abandi bagashobora kuronka ababakurikirana mu vyo gufungura, abamenyereza babo hamwe n'ababavura imvune.

Ico kigo ngo kizoshirwa ahitwa Thies, ku birometero 60 mu buseruko bw'umurwa mukuru Dakar.

Imirwi ya Senegal- y'abahungu n'abakobwa-yamye iri mu ya mbere ikomeye ku mugabane wa Afrika.

Fall yavuze ko abatazoshobora gushika mu ihiganwa rya NBA bazoronka izindi nzira bacamwo, nko gukina mu yindi mirwi ikomeye ku isi canke muri za kaminuza za Amerika.

He said 14 African-born players on the NBA opening roster this year had come from the NBA's grassroots program, Basket Without Borders, including Senegal's Gorgui Dieng and Cameroon's Pascal Siakam.