Urucanco rwa Ebola rwabonetse

Inyuma y'imisi cumi abantu 6000 baronse urwo rucanco , basanze batagifise iyo ngwara.

Ahavuye isanamu, CDC/SCIENCE PHOTO LIBRARY

Insiguro y'isanamu,

Inyuma y'imisi cumi abantu 6000 baronse urwo rucanco , basanze batagifise iyo ngwara.

Igeragezwa ry'urucanco rwa Ebola ryerekanye ko rufise inguvu n'ubushobozi bikomeye mu kurandurana n'imizi iyo ngwara itoroshe.

Iryo geragezwa ryabereye mu gihugu ca Guinnee, kimwe mu bihugu vya Afrika vyo mu burengero cazahajwe n'iyo ngwara, yagiye kurangira muri uyu mwaka.

Ivyo iryo geragezwa ryashitseko, vyanditswe mu kinyamakuru kiraba ibibazo vy'amagara y'abantu mu Bwongereza, The Lancet, vyerekana ko abantu bashika 6000 baronse urwo rucanco , basanze batagifise iyo ngwara inyuma y'imisi cumi.

Mu wundi mugwi nk'uwo, bataronse urucanco, abantu 23 basanze bandukiwe n'umugera wa Ebola.

Ahavuye isanamu, CDC/SCIENCE PHOTO LIBRARY

Insiguro y'isanamu,

Abantu ibihumbi 11 barabuze ubuzima igihe iyo ngwara yatera mu misi iheze muri Afrika yo mu burengero.

Umuyobozi mukuru w'ikigo kimwe co kuvura mu Bwongereza - Welcome Trust, yavuze ko ivyavuye muri iryo geragezwa ari vyo kwishimira cane.

Abantu ibihumbi 11 barabuze ubuzima igihe iyo ngwara yatera mu misi iheze muri Afrika yo mu burengero.