Urutonde rwa FIFA: Argentine ni iya mbere kw'isi, Senegal muri Afrika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwe mu bakinyi ba Guinnee Bissau
Igihugu ca Guinne Bissau ni co gihugu cateye intambwe ikomeye cane ku rutonde rushasha rw'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru kw'isi Fifa mu 2016 inyuma yo gucako ibihugu 78, kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze.
Ico gihugu ubu kiza mu kibanza ca 68 ku rutonde rw'isi yose, no mu kibanza ca 15 ku rutonde rwo muri Afrika.
N'ukuvuga ko ico gihugu kiza imbere y'ibihugu vya Uganda, Togo na Zimbabwe na vyo vyatsindiye kuja mu nkino z'igikombe ca Afrika zizobera muri Gabon.
Senegal irangije umwaka ari co gihugu ca mbere muri Afrika, kikaba kiri no mu kibanza ca 33 kw'isi.
Guinnee Bissau yaratsindiye kuja mu nkino z'igikombe ca Afrika inyuma yo gukuramwo Kenya na Zambia mu 2016.
Baratsinzwe mu rukino rwa nyuma na Congo-Brazaville ariko baheza bari mu kibanza kibemerera kuja muri izo nkino zimirije kubera muri Gabon.
Ku rutonde rw'isi, Argentine iracari iya mbere.
Uko ibihugu vyo muri Afrika bikurikirana ku rutonde rw'isi:
Senegal (33)
Cote d'Ivoire (34)
Tunisia (35)
Misri (36)
Algeria (38)
DR Congo(48)
Burkina Faso (50)
Nigeria (51) (ntikizoja muri Gabon 2017)
Ghana (53)
Maroc (57)