Sudani y'epfo ntiyabujijwe uburengenzira ku bigwanisho

Hari impungenge ko Sudani y'epfo ishobora kugwa mw'ihonyabwoko

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Sudani y'epfo, yaguye mu ntambara ya kivukanyi kuva muri 2013

Ingingo yo kubuza Sudani y'epfo uburenganzira bwo kugura ibigwanisho yari ishigikiwe na Leta zunze Ubumwe za Amerika, yatowe n'ibihugu indwi kuri cumi na bitanu bigize inama yagutse y'umutekano kw'isi.

Ibindi bihugu umunani birimwo Uburusiya, Ubushinwa n'Ubuyapani ntaco vyavuze kuri iyo ngingo.

Intambara hagati y'ingabo zishigikiye perezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir, n'iz'uwari icegera ciwe Riek Machar, zadutse mu mwaka wa 2013, zataye igihugu mu ntambara ya kivukanyi n'ubu ikibandanya.