Boko Haram yatsimbuwe mw'ishamba rya Sambisa

Abanyeshure ba Chibok banyurujwe mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bikekwa ko Boko Haram yahishe abana yanyuruje mw'ishure rya Chibok, mw'ishamba rya Sambisa

Perezida wa Nigeria amenyesha ko abayoboke ba Boko Haram ataho bafise bihisha inyuma y'aho ingabo z'igihugu ciwe zisamburiye ikambi y'uwo mugwi mw'ishamba rya Sambisa mu buraruko bw'igihugu.

Perezida Buhari yavuze ko ico cicaro ca Boko Haram kimaze iminsi ibiri gifashwe.

Hari amakuru yavuga ko abana babanyeshure bo mw'ishure ry'abakobwa rya Chibok banyurujwe mu 2014, boba bahishijwe mw'ishamab rya Sambisa.

Bamwe muri abo bana bashoboye gutoroka bagifatwa ingwati, bavuze ko bari bajanywe muri iryo shamba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igikogwa co gukura BOko Haram mu duce yifatiye catanguye kmu kwezi kwa kabiri

Uwo mugwi kino gihe ngo natho ufise wihisha, inyuma yo gukurwa aho perezida Buhari yise akibare ka nyuma k'ikirindiro bari barifatiye kuva kera.

Hari haheze amezi igisirikare cisubije ibice vyahora bigenzugwa na Boko Haram.

Uwo mugwi mugabo uracagaba ibitero vy'ibisasu ukoresheje 'abiyahuzi' mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, eka no mu bihugu bibanyi vya Niger na Cameroun.

Boko Haram wigisha amategeko ya isilamu, abuza abantu kugira uruhara urwo arirwo rwose mu bikorwa vya politike canke imibano, bifise ico bihuriyeko n'inyifato canke imico y'Ubulaya.

Wakomeje kugwanira gukuraho ubutegetsi bwa Nigeria ngo wimike Leta ya ki Islamu.

Umukuru wa Boko Haram yarahiye kuyoboka umugwi Islamic State.