Abakobwa 20 bo mw'ishure rya Chibok basubiye iwabo

Amasanamu y'abakobw aba Chibok yahawe BBC
Abakobwa bagera ku 20 bari mu bari baratwawe n'umugwi wa Boko Haram muri Nigeria, batabawe mu kwezi kw'icumi, babonanye ubwa mbere n'imiryango yabo.
Abana b' abakobwa bakuwe mu vyara vya Boko Haram mu kwezi kwa cumi, bari bagumijwe mu kibanza cagizwe ibanga, aho bari bakivugana na Leta ya Nigeria.
Isanamu y'abana b' abakobwa ba Chibok, yatangajwe na Boko Haram bakimara gufatwa
Ahavuye isanamu, Getty Images
Boko Haram yanyuruje abana bagera ku 270 mw' ishure rya Chibok
Abana b'abakobwa barenga 200 biga mw'ishure ry'indaro rya Chibok banyurujwe mu kwezi kwa kane mu 2014.
Abagera ku 200 n' ubu ntawuramenya irengero ryabo, leta ya Nigeria ikomeza kuganira n'umugwi wa Boko Haram mu ntumbero yo kubarekuza.