Abakobwa 20 bo mw'ishure rya Chibok basubiye iwabo

N'ubwa mbere abakobwa ba Chibok basubiye mu miryango kuva barekujwe
Insiguro y'isanamu,

Amasanamu y'abakobw aba Chibok yahawe BBC

Abakobwa bagera ku 20 bari mu bari baratwawe n'umugwi wa Boko Haram muri Nigeria, batabawe mu kwezi kw'icumi, babonanye ubwa mbere n'imiryango yabo.

Abana b' abakobwa bakuwe mu vyara vya Boko Haram mu kwezi kwa cumi, bari bagumijwe mu kibanza cagizwe ibanga, aho bari bakivugana na Leta ya Nigeria.

Isanamu y'abana b' abakobwa ba Chibok, yatangajwe na Boko Haram bakimara gufatwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Boko Haram yanyuruje abana bagera ku 270 mw' ishure rya Chibok

Abana b'abakobwa barenga 200 biga mw'ishure ry'indaro rya Chibok banyurujwe mu kwezi kwa kane mu 2014.

Abagera ku 200 n' ubu ntawuramenya irengero ryabo, leta ya Nigeria ikomeza kuganira n'umugwi wa Boko Haram mu ntumbero yo kubarekuza.