Nyamugigima yimuye abantu muri Chili

Nyamugigima hafi ya Chili Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amasanamu yo mw'izinga rya Chiloe yerekana amabarabara yasidutse

Nyamugigima ikomeye yumvikanye ku nkengera za Chili, bikekwa ko yoba yaturutse ku birometero 200 uvuye aherekeza mu bumanuko bushira uburengaro bw'ikivuko ca Puerto Montt.

Kugeza ubu ivyononekaye kubera iyo nyamugigima ntibiramenyekana.

Ikigo kijejwe gukinga impanuka muri Chili, cabaye kiragabisha abegereye ku nkengera z'amazi ya Los Lagos ko bokwigirwayo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abo mu gace ka Biobio no hafi yaho basabwe kwigirwayo

Ako kamo katewe cane abo mu turere twa Biobio, Araucania, Los Rios na Aysen.

N'ikigo kijejwe kugendereza no kugabisha ku biza vy'igihuhusi ca Tsunami mukarere ka Pacifique, kiremeza ko ibice biri hafi y'inkengera z'amazi kugeza kuri kirometero 1000 y'ahandurutse iyo nyamugigima bishobora guhura n'akaga.

Amakuru aturuka muri Chili amenyesha ko hari abanyagihugu bategetswe kuba barimuka mu kwirinda ingaruka za Tsunami yohava iza ikurikira iyo nyamugigima.