Netanyahu yahamagaje uwuserukira Amerika muri Israel

Ivyuma bikoreshwa mu kwubaka Ramat Shlomo (Itariki 23 ukwezi kwa 12, mu 2016) Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Iyo ngingo isaba Israel guhagarika ibikorwa ikorera muri West Bank no mu buseruko bwa Jerusalem

Umushikiranganji wa mbere wa Israel yahamagaje uwuserukira Amerika muri Israel ngo yisigure inyuma inyuma y'itora ry'itegeko rya Onu ribuza ico gihugu kubandanya kwubaka mu karere ka Palestine.

Benjamin Netanyahu ari n'umushikiranganji w'imigenderanire, yafashe ingingo idasanzwe yo guhamagaza Dan Shapiro mu biro vyiwe.

Ivyo bibaye inyuma y'aho Israel ihamagarije abandi baserukira ibihugu vyabo bashigikiye ingingo ya Onu yo ku musi wa gatanu.

Ivyo kandi bishitse inyuma y'aho Israel imenyeshereje ko izofatira ingingo ruhasha ibihugu vyagize uruhara mu kwemeza ingingo ivuga ko iteye isoni ya Onu.

Iyo ngingo inebagura cane ibikorwa vyo kwubaka mu karere ka Palestine Israel yigaruriye muri West Bank no mu buseruko bwa Jerusalem, yemejwe inyuma y'aho Amerika idakoreshereje ijwi ryo kuyihagarika ahubwo igahitamwo kwifata ntigire ico irivuzeko.

Israel yaciye yagiriza Amerika, incuti yayo magara ariko iterekwa ivyo bikorwa vyo kwubaka mu turere bigaruriye, ko iri inyuma y'iyo ngingo, ivyo Amerika iguma ihakana.

"Ku nkuru dufise, nta gukekeranya ko ubutegetsi bwa Obama ari bwo bwabikoze, burashigikira iyo ngingo, bufasha kuyishira mu bikorwa kandi busaba ko itorwa," uko ni ko umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yavuze.

"Abagenzi ntibatora abagenzi mu kanama ka Onu kajejwe umutekano," ni ko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Netanyahu yavuze ko iyo ngingo ishobora gusubirwamwo

Iyo ngingo - ya mbere kuva mu 1979 inebaguye politike ya Israel yo kwigarurira uturere twa Palestine - ivuga ko iyo politike idakurikije amategeko kandi ko ihonyanga amategeko mpuzamakungu, ikaba ari n'inzitizi ku nyishu y'ibihugu bibiri vyotegerejwe kubana mu mahoro.

Netanyahu na Prezida Obama ntibigeze bagirana imigenderanire myima mu biringo bibiri Obama amaze ku butegetsi, kandi Israel yamye ifise ubwoba ko ubutegetsi bwiwe bufata mwene izo ngingo mu ndwi za nyuma z'ubutegetsi bwiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Israel yagiriza Amerika kugira uruhara mw'itorwa ry'iryo tegeko

Prezida aherutse gutorwa wa Amerika, Donald Trump yanditse kuri Twitter ko itorwa ry'iyo ngingo ari agahombo gakomeye kuri Israel, bikazotuma bigorana kugiriranira ibiganiro vy'amahoro, ariko yiyemeza ko kuzobibandanya.

Trump, yatumye iyo ngingo ivanwa ku rutonde rw'ivyigwa ku musi wa gatanu, yemeye ko ibintu bizoba bitandukanye muri Onu niyamara gushikira ubutegetsi itariki 20 z'ukwezi kwa mbere.