Hoba hari abategetsi benshi ba Afrika biteguye kuva ku butegetsi?

Ahavuye isanamu, AFP
Intsinzi ya Adama Barrow muri Gambia yari yahaye icizere benshi muri Afrika ko gukura ubutegetsi biciye mu matora bishoboka.
Habaye amatora atandukanye muri Afrika, aho hari abahererekanije ubutegetsi mu mahoro, ariko hari n'abanse kwemera ko barushijwe. Umumenyeshamakuru wa BBC, Dickens Olewe yarihweje uko demokrasi yifashe muri Afrika.
Ivyavuye mu matora bitari vyitezwe muri Gambia, ni yo nkuru ikomeye cane muri politike y'uyu mwaka.
Prezida Yahya Jammeh amaze imyaka myinshi ku butegetsi yaratsinzwe mu matora yo ku mugaragaro kandi agirako aremera ko yatsinzwe n'uwo batavuga rumwe na we Adama Barrow.
Kuba Jammeh yihindukije mw'ijambo yitura sentare ijejwe ibwirizwa shingiro, ibi vyaje gukura ikimenyetso co kwemera ko yatsinzwe no gutakaza icizere yari yahaye benshi muri Afrika ko gukura ubutegetsi biciye mu matora bishoboka.
Ariko none ico gihe cashimagijwe cane ku mugabane wa Afrika, cofatwa nk'ingendo ya politike?
Inzira zibiri
"Dufise inzira zibiri, imwe aho usanga ari ubutegetsi bw'igitugu bushinga imizi hanyuma bugafatira i mugongo akanama kajejwe gutegura amatora, iyindi na yo usanga ari demokrasi yatsimbataye, abategetsi bama biteguye guhereza abandinko mu gihugu ca Nigeria," nk'uko Nic Cheeseman, umwigisha wa politike ya Afrika muri kaminuza ya Oxford yabibwiye BBC.
Yavuzeko ibihugu vya Afrika bikeneye kwubaka inzego no kuzirinda kugira ntizije mu vyara vy'abanye politike.
Utunama tujejwe gutegura amatora na two nyene dukeneye guhabwa amahera akwiye kandi tugakingirwa n'amategeko, kandi bukarekurirwa gukora ibikorwa vyatwo ata nkomanzi, nko kwandika abazotora, n'uko yavuze.
Amatora makuru makuru muri Afrika mu mwaka wa 2016:
Ukwezi kwa kabiri:
- Prezida wa Uganda Yoweri Museveni yatsindiye kurongora ikiringo kigira gatanu mu matora yabayemwo imidurumbanyo hamwe n'ubusuma bw'amajwi.
- Prezida wa Niger Mahamadou Issoufou yatsindiye kurongora ikiringo ca kabiri inyuma y'aho uwo bari bahanganye Hama Amadou, ubu ari mw'ibohero aviriye mw'ihiganwa.
Ukwezi kwa kane:
- Prezida wa Tchad Idriss Deby yatsindiye kurongora ikiringo ca gatanu, atsinze uwo bari bahanganye Saleh Kebzabo.
Ukwezi kw'umunani:
- Amatora yo muri Gabon yaranzwe n'imidurumbanyo hamwe n'ubusuma. Prezida Ali Bongo yatsinze n'amajwi 6000 inyuma yo kuronka ibice 95% vy'amajwi y'abantu bashika ibice 99% bayitavye mu ntara akomokamwo ya Haut-Ogooue. bitavye ama
Ukwezi kwa cumi na kabiri:
- Prezida wa Gambi Yahya Jammeh yaratsinzwe mu matora na Adama Barrow agirako aravyemera. Munyuma yarisubiyeko avuga ko habaye ubusuma. Yaciye yitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.
- Prezida wa Ghana John Mahama yabaye prezida wa mbere atsinzwe umu matora ari ku butegetsi kuva Ghana gisubiye muri demokrasi. Uwuserukira abatavuga rumwe na reta Akufo-Addo, yaraciye umuhogo na we mu gutsinda ayo matora ku ncuro ya gatatu agerageza.
Muri Ghana, Gambia na Nigeria mu mwaka uheze, utunama tujejwe gutegura amatora twarashimagijwe kuba twakoze ata gitsur kandi ata ho yegamiye.
N'aho hakiri ibibazo, utunama tujejwe gutegura amatora dutegerezwa gukora uko dushoboye ngo twizerwe gusumba.
Kwerekana ko amatora asanzwe
Dennis Kadima, umurorerezi w'amatora mu kigo kijejwe amatora muri Afrika y'epfo (EISA), yibukije ko mu matora y'ibanze muri Afrika y'epfo mu kwezi kw'umunani , akanama kajejwe gutegura amatora karatakaje icizere ariko karuhira gukora amatora ata ho yegamiye, bikaba vyarahinduye uko abantu bakabona.
Ihiganwa ryo mu bihugu nka vyose vya Afrika ribonwa nk'uko uwutsinze aca atwara vyose.
Igitabo ca Michela Wrong 'Its Our Turn' kuvyerekeye igiturire muri Kenya kirerekana neza impamvu baronderubutegetsi.
Ken Opalo, wo muri kaminuza ya Georgetown muri Amerika, avuga ko hakenwe ko hokwerekanwa ko amatora ari ayasanzwe.
"Ibihugu vya Afrika birakeneye birakwiye gusezerera ingendo yo kubona ko buri matora aba arangiriye aho ata yandi azoba."
Ibihugu indwi gusa vyo muri Afrika ni vyo biri ku rutonde nk'ibihugu vyisanzura mu 2016 rwakozwe na Freedom House.
Gucungera amatora
Kenshi mu guharura ivavuye mu matora, ni ho imigambwe itavuga rumwe na reta ivuga ko yibiwe.
Muri Kenya, umugambwe uri ku butegetsi ejo bundi waratsinze uwo batavuga rumwe mu gushiraho itegeko ryo guharuza iminwe mu matora yimirije.
Ahavuye isanamu, AFP
Amatora yo muri Ghana yarashimagijwe cane no kuba uwari kubutegetsi yaremeye ivyayavuyemwo.
Abatavuga rumwe na reta bavuga ko gusaba ko hakoresha iminwe mu guharura amajwi ari umugambi uteguwe wo gukoresha amayeri na cane cane mw'iyandikwa ry'abazotora.
Ivyo reta irabihakana, ikavuga ko bikenewe kugira bikoreshwe mu gihe ivyuma vyokwanka gukora.
"Kimwe mu bintu vyari bigoye gukoresha amayeri muri Ghana n'uko ivyavuye mu matora vyamenyesherezwa ku nzego zo hasi - aho batoreye no mu turere," ni ko Opalo yavuze.
Ibi bituma ibimenyeshamakuru bihinyuza ata ho vyegamiye,
Cheeseman ariko gushiraho abaserukira imigambwe ku biro vy'amatora ibihumbi n'ibihumbi mu gihugu cose, bsaba uburyo bwinshi imigambwe yose idashobora kuronka.
Ahavuye isanamu, Reuters
Ikiringo ca prezida Joseph Kabira wa RD Congo carangiye mu kwezi kwa 12 ariko nta matora yakoresheje ngo haboneke uwumusubirira.