Rubi Ibarra Garcia: Isabukuru yatangajwe ku buryo bwa none yakweze ivyago

Ahavuye isanamu, EPA
Umusi mukuru n'imisa vyakorewe Rubi Ibarra Garcia vyitabwe n'abantu ibihumbi
Uwo mugabo yapfuye aciye mu nzira ifarasi zari mu ihiganwa zicamwo mu birori vyari vyatunganirijwe uwo mwigeme w'imyaka 15.
Ibigo vy'itangazamakuru vyo muri ako karere bivuga ko uwo mugabo w'imyaka 66 yarafise imwe mu ma farasi yasiganwa.
Abantu bagera ku miliyoni 1.3 nibo bari bamenyesheje ko bazitaba ivyo birori.
Mu butumwa bucishijwe kuri video mu ntango ya kuno kwezi, Crescencio Ibarra yamenyesheje ko ariko arategura isabukuru igira 15 y'umukobwa wiwe Rubi ku itariki ya 26 ukwezi kwa cumi na kabiri ahitwa La Joya hagati muri Mexique.
"Hello, ni gute? Turabatumiye ku itariki ya 26 ukwezi kwa cumi na kabiri ku isabukuru igira 15 y'umukobwa wacu, Rubi Ibarra Garcia,"uko niko bwana Ibarra yavuze ahagaze iruhande ya Rubi n'umugore wiwe Anaelda Garcia.
Ahavuye isanamu, FACEBOOK
Crescencio Ibarra n'umugore wiwe bari bipfuje gutumira gusa ababanyi bo mu karere ku isabukuru y'umukobwa wabo
Ahavuye isanamu, AP
Isinzi ry'abantu bitavye isabukuru ya Rubi
Yamenyesheje ko uwotsinze muri iryo higanwa ry'amafarasi yoronse pesos 10 000 ($490; £390).
Umwe mu bitavye ubutumire n'iryo higanwa ni uwitwa Felix Pena.
Bwana Pena yabwiye ikigo c'itangazamakuru caho Hora Zero ko azoja muri iryo higanwa kandi ko yiteze gutsinda.
"Sindabigize ndondera karya gashimwe k'amahera, ndabigize ngo menyekane kandi nryoherwe."
Muri video yafashwe kuri iryo higanwa, uramubona atembagara mu nkunguku, ategwa imigere n'ifarasi mu nyuma agaca aryama hasi asa n'uwataye ubwenge.
Abanyarukana abagwayi kwa muganga bavuga ko yapfuye akijanwa mu bitaro.
Ahavuye isanamu, AFP
Benshi mu bari mu birori ntibamenye ivy'urwo rupfu
Nta muntu ategera ingene bwana Pena, asanzwe atanga ifarasi ngo zisiganwe, ingene yagiye gukandagira mu kibanza ivyo bikoko bicamwo.
Abari bahagaze iruhande bavuga ko ashobora kuba yatambutse atabona iyo ageze aja gushigikira ifarasi yiwe Oso Dormido.
Uwundi mugabo nawe nyene yarahonyoye muri iyo nzira ifarasi zimuvuna ukuguru.
Igipolisi kivuga ko kiretse ivyo vuago vyashitse ko urubanza rwagenze neza mu mahoro.