Uburusiya: Harabaye ikoreshwa ry'imiti yongereza inguvu

Vitaly Smirnov yagenywe na prezida w'uburusiya president Vladimir Putin ngo asubiremwo urwego rujejwe kugwanya abakoresha imiti yongereza inguvu.
Abategtsi b’Uburusiya ku ncuro ya mbere bemeye ko habaye ibikorwa vyo gufata imiti yongereza inguvu vyagize ingaruka ku mahiganwa amwe amwe akomakomeye.
Itariki 9 z’ukwezi kwa cumi kabiri harabonetse icegeranyo kivuga ko abanonotsi barenga 100 b’abarusiya bakingiwe ikibaba muri ico gikorwa co gufata imiti yongereza inguvu hagati y’imyaka ya 2011 na 2015.
Mu kiganiro yahaye ikimenyeshamakuru ca New York Times, abategetsi baremera ko ivyo vyabaye, ariko bagahakana ko reta ari yo yafasha muri ico gikorwa.
“Kari akagwi kishize hamwe kigira ugwego,” uko ni Anna Antseliovich, umuyobozi mukuru w’urwego rugwanya gukoresha imiti yongereza inguvu yavuze.
Ariko, Antseliovich, atagize uruhara muri ayo matohoza, avuga ko abategetsi bakuru bar eta batabifisemwo uruhara.
Vitaly Smirnov, w’imyaka 81 yarongoye igisata co kwinonor imitsi kuva ico gihugu cicitwa URSS, akaba kandi yagenywe na prezida Putin ngo asubiremwo igisata co kugwanya abakoresha imiti yongerez inguvu, yabwiye New York Times: “Nsinshaka kuvugira abantu babikoze.
“Uko jewe ndabibona, nk’uwahoze ari umushikiranganji wo kwinonora imitsi, prezida w’akanama ka Olempike – harabaye amakosa menshi.”
Smirnov yavuze ko inkuru zo mw’ibanga zamenyeshejwe na Fancy Bears – umugwi w’abasuma bo kuri internet, werekanye ibiraba ibipimo vy’abanonotsi bo hirya no hino kw’isi – zerekanye ko Uburusiya butahora buhiganwa ku rugero rumwe n’abandi.