Abashinwa 3 mu butungane bazira ubusuma kuri internet

Ahavuye isanamu, PA
Abo basuma batatu bakoresha inkuru bivye kugira bunguke amahera
Abashikirizamanza mu gisagara ca New York bitwariye abashinwa batatu babagiriza ubusuma bwo kuri internet.
Bagirizwa kwiba amabanga mu nyabwonko z’abantu ku giti cabo z’abacamanza bo muri Amerika, batanga impanuro kuvyerekeye ubudandaji.
Bivugwa ko abo basuma bivye inkuru zikomeye zatumye baronkamwo uturusho twinshi, aho bazikoresha mu kugura imigabane inyuma yo kumenya ingene amakompanyi bashaka kujamwo uko yifashe.
Ahavuye isanamu, REUTERS
Umushikirizamanza wa Manhattan Preet Bharara (kw'ifoto) yagabishije ko amakompanyi akwiye kuhagabira
Umwe muri abo basuma, yafatiwe muri Hong Kong, mu gihe abandi bakironderwa.
Ku ruhande rwiwe, amakompanyi yahanuwe gufata ingingo zikomeye zo gukingira inkuru ziyerekeye zo mw’ibanga, ziraba ubudandaji n’ubuzi bakora.