Turkia n'Uburusiya bumvikanye guhagarika intambara muri Syria

Ahavuye isanamu, AP
Turkia n'Uburusiya baheruka gupfundika amasezerano yo guhagarika ingwano yatumye inyeshamba ziva muri Aleppo
Ikigo c'itangazamakuru ca reta ya Turkia kitadomako urutoke aho cakuye amakuru cavuze kw'izo reta uko ari zibiri ziriko zirakora ibishoboka vyose ngo iryo hagarika ry'ingwano ritangure gushirwa mu ngiro inyuma ya saa sita y'ijoro.
Ku bwa "Anadolu news agency" "imirwi y'iterabwoba" ntiyinjizwa muri ayo massezerano, niko uwatanze ayo makuru yavuze ata zindi nsiguro yongeyeko.
Reta ya Syria canke imigambwe itavuga rumwe nayo, nta na kimwe bavuze kuri ayo makuru.
Uburusiya bwafashije Prezida Bashar al-Assad mu bitero vy'indege hamwe na Turkia ishigikiye imirwi yagumutse ifata ibigwanisho bamenyesheje mu ndwi iheze ko biteguye gufasha kurangiza ingwano bamaze kwumvikana ku bisanzwe bigenga amasezerano yo kugarukana amahoro. Bafadikanije na Irani, igihugu gisanzwe gishigikiye Assad.
Anadolu yavuze ko ingwano ni yahagarikwa vyukuri, ko amasezerano y'amahoro azopfundikirwa ku murwa mukuru wa Kazakhstani, Astana, Turkia n'Uburusiya bikaba ibihugu bifasha kuyashira mu ngiro.
Mu ntango ya kuno kwezi, ivyo bihugu ukwo ari bibiri vyarumvikanye ku masezerano yo guhagarika intambara mu buraruko bwa Aleppo bituma ibihumbi vy'inyeshamba hamwe n'abasiviles bava mu karere ko mu buseruko izo nyeshamba zari zigaruriye.
Ahavuye isanamu, EPA
Abashikiranganji b'imigenderanire n'amakungu b'ibihugu vya Irani, Turkia n'Uburusiya bumvikanye ku ngingo zotuma amahoro agaruka
Ibiganiro vya nyuma bibanje kwumvikanwako bihagarikiwe na Onu vyo kuronderera ingwano inyishu ya politike, vyarangiye mu kwezi kwa kane inyuma yaho ihagarika ry'ingwano mu gihugu cose ryari ryasabwe n'Uburusiya hamwe na Amerika vyanse ko ribandanya.
Ayandi masezerano yumvikanyweko mu kwezi kw'icenda yari ayo gutuma Amerika n'Uburusiya bagenzurira hamwe ibitero vyo mu kirere ku murwi Onu yari yise iy'iterabwoba- Reta y'iki Islamu hamwe n'uwo bahanganye Jabhat Fateh al-Sham, ariko nayo nyene ntiyamaze kabiri.
Ku musi wa kabiri umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu Sergei Lavrov yabwiye ikigo c'itororokanirizo ry'amakuru "Interfax news agency" ko reta ya Syria yariko iravugana n'imigambwe itavuga rumwe nayo ku biganiro vy'amahora vyobera muri Kazakhstani.