Nigeria: Sultani wa Sokoto yiyamirije itegeko ringanisha ibitsina

Uwurongoye amadini ya Islamu muri Nigeria na Sultani wa Sokoto Mohammed Sa'ad Abubakar III mu nama y'i Dutse muri Nigeria in Dutse itariki 18/10/2008

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Uwurongoye amadini ya Islamu muri Nigeria na Sultani wa Sokoto Mohammed Sa'ad Abubakar III mu nama y'i Dutse muri Nigeria in Dutse itariki 18/10/2008

Sultani wa Sokoto, Mohamed Sa'ad Abubakar, yavuze ko aba Islamu badashobora kwemera ko amategeko ya Islamu ahonyangwa yo arekurira abagabo gutwara igice kinini iyo batorana.

Ishengero rikuru ry'abakristu ryo muri Nigeria ryakeje iryo tegeko, rivuga ko idini ryabo ryemera ko abatorana banganya.

Abaharanira agateka ka zina muntu nibo bashigikiye cane iryo tegeko basigura ko ryoheza ikumira rikoregwa abagore.

Nigeria n'igihugu kirimwo abemera benshi abakristu n'aba Islamu bagahakwa kungana.

Avugira mu ntara ya Zamfara mu birori vyo gusoma Korani, uwo mu Sultnani yavuze: "Idini ryacu niryo rigize ingene tubaho. Kurivyo ntituzokwemera ikintu na kimwe gihindura ivyo Allah yatwemereye gukora.

Yongeye ati: "Islamu ni idini ry'amahoro; tubana neza n'abakristu hamwe n'abo mu yandi madini muri kino gihugu. Muri ico gihe dutegerezwa gukoresha idini ryacu nkuko bitegerejwe."

Ahavuye isanamu, FLORIAN PLAUCHEUR

Insiguro y'isanamu,

Si ubwa mbere mu gihugu ca Nigeria bagerageza kunganisha ibitsina mu gutorana

Mu kwezi kw'icumi ishirahamwe ry'abakristu "Christian Association of Nigeria" (CAN) ryavuze ko ata na kimwe rinegura muri iryo tegeko kubera ko mu "bakristu gutorana bikorwa ku mangane hagati y'abagore n'abagabo".

Inama nshingamateka ivuga ko izokwumviriza ivyiyumviro vy'abanyagihugu imbere yuko hafatwa ingingo yo kuraba ivyogumizwa n'ivyokugwa muri iryo tegeko.