Prezida Putin w'Uburusiya ashobora gufatirwa ibihano kubera amatora ya Amerika

Umunyagihugu wo muri Maryland agiye gutora

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Umunyagihugu wo muri Maryland agiye gutora

Abo bakenguzamateka John McCain wo mu mugambwe w'aba Republicains na Lindsey Graham wo mu mugambwe w'aba Democrates bavuze ko ico ciyumviro gishigikiwe n'imigambwe yose ko hari ibihano bikomeye bizotangwa bishobora gukora no kuri Prezida Putin.

Bagiye gusaba Amerika ngo ikingire kurusha imbuga zayo zo kuri internet.

Abo bakenguzamateka bavuze ko hageze ko Moscou itegera ko ivyo imaze gukora bikwiye kugarukira aho.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House vyavuze ko vyiteguye kugira ico bivyishuyeko; mu gihe Prezida aheruka gutogwa Donald Trump ata gaciro yabihaye.