Netanyahu yiyamirije ijambo rya John Kerry

Ahavuye isanamu, AP
Iyubakwa ry'amazu y'abayahudi mu turere twa Palestine
Umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika John Kerry yasiguye umugambi w'igihugu ciwe watumye akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi kemeza ingingo mu ndwi iheze ivuga ko kwubaka amazu y'abayahudi mu turere twa Palestine bidakurikije amategeko.
Uwo mushikiranganji Kerry avuga ko iyo ngingo ari iyo gufasha kugira hazoboneke ibihugu bibiri kugira bakinge ingorane zishobora kwaduka.
Yavuze ko ata mu tekano uri muri Israel hanyuma na Palestine ntikibeho nk'igihugu, Israel idashobora kuronka umutekano uhoraho.
Ariko umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yamenyesheje ko yababajwe n'iryo jambo rya John Kerry kuvyerekeye ico kibazo, avuga ko atari ryiza.
Avuga ko muvyo ukuri abanye Palestine banse kwemera ko igihugu ca Israel kibaho.
Ku ruhande rwiwe, prezida wa Palestine Mahmoud Abbas avuga ko yiteguye gusubira mu biganiro mu gihe Israel yohagarika kwubaka mu bibanza bishasha vy'abanye Palestine .