Colombia yemeje amasezerano y'amahoro na FARC

Juan Manuel Santos prezida wa Colombia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Juan Manuel Santos prezida wa Colombia

Inama nshingamateka ya Colombia yemeje itegeko ritanga ikigongwe ku bagwanyi ibihumbi n'ibihumbi b'umuhari wa FARC wahora ugwanya reta ukoresheje ibigwanisho.

Ishirwaho ry'iryo tegeko ni kimwe mu biri mu masezerano y'amahoro, abagwanyi na reta bashizeko umukono mu kwezi guheze inyuma y'imyaka irenga 50 y'intambara.

Ico kigongwe kandi cerekeye abasirikare ba reta ya Colombia.

Prezida Juan Manuel Santos yavuze ko itorwa ry'iryo tegeko ari intambwe itazibagirwa muri kahise ka Colombia mu ntumbero yo gusasagaza amhoro muri ico gihugu.

Prezida Santos aherutse gutsindira agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel muri uyu mwaka kubera utwigoro twiwe two gushika kuri ayo masezerano.