Debbie Reynolds yitavye Imana

Debbie Reynolds n'umukobwa wiwe Carrie Fisher

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Debbie Reynolds n'umukobwa wiwe Carrie Fisher

Umuririmvyi azwi cane i Hollywood, Debbie Reynolds yitavye Imana afise imyaka 84, inyuma y'umusi umwe gusa umukobwa wiwe Carrie Fisher, apfuye.

Yajanywe kwa muganga ikitaraganya inyuma yo gufatwa n'ingwara ari ku muhungu wiwe i Beverly Hills.

Umuhungu wiwe Todd Fisher, yavuze ko akababaro yatewe n'urupfu rw'umukobwa wiwe kari kenshi cane, mbere mu majambo yiwe ya nyuma akaba yavuze ko ashaka kuba hamwe na Carrie.

Debbie Renolds azwi kandi kw'izina rya Mary France, yamenyekanye cane mu 1952, aho yakoranya abantu benshi bari kumwe na Gene Kelly mu ruririmbo ruzwi cane rwa "...Singin' in Rain..."

Yakina kandi film zo gutwenza