Umufaransakazi yishe umugabo wiwe yarekuwe

Ahavuye isanamu, EPA
Jacqueline Sauvage yatsinzwe muri sentare y'iyungururizo mu 2015
Umufaransakazi arenza imyaka 60 yashe umugabo wiwe mu 2012 yarekuwe inyuma y'aho prezida w'Ubufaransa Francois Hollande abimusabiye ubugira kabiri.
Jacqueline Sauvage yamaze imyaka irenga mirongo ibiri akubagurwa n'umugabo wiwe, bituma aba rurangiranwa, haboneka n'abantu benshi basaba ko yorekurwa.
Hollande yari yamusabiye ikigongwe c'agateganyo mu ntango z'ukwa mbere, ariko sentare, incuro zibiri zose, iravyanka.
Ubu yasabiye Sauvage ko arekurwa bwegu akaba yaciye arekurwa ku mugoroba wo ku musi wa gatatu.
Ubu afise imyaka 69, akaba yariko arakora igihano co gupfungwa imyaka 10 mw'ibohero rya Reau, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Paris.
"Nafashe ingingo yo guha imbabazi Jacqueline Sauvage ku kiringo asigaje gupfungwa. Iki kigongwe gituma aca aranginza igipfungo ciwe ubu nyene." ni ko prezida yanditse kuri Twitter.
Ahavuye isanamu, Twitter
Mu rindi tangazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu, yavuze ko yumva ko ikibanza ciwe ari ico kuba kumwe n'umuryango atari mw'ibohero.
Imodoka itwaye Sauvage n'abakobwa biwe yabonetse iriko irava mw'ibohero rya Reau.
Abaharanira agateka ka zina muntu bari mu kamwemwe kubera iyo ngingo.
Ariko Virginie Duval umukuru w'urunani rw'abashingwamanza mu Bufaransa, yidoze avuga ko prezida yafashe ingingo "yo kunezereza abantu" asigura ko ubucamanza bwakurikije amategeko igihe bwanka kurekura Sauvage muri sentare y'iyungururizo.
Ahavuye isanamu, AFP
Abakobwa batatu ba Sauvage (i bubamfu, n'uwukurikira i bubamfu nyene, n'uwundi ari impera i buryo) igihe bahura na prezida Hollande mu kwezi kwa mbere.
Kahise ka Jacqueline Sauvage
- Yamaze imyaka 47 acurwa bufuni na buhoro n'umugabo wiwe Norbert mbere incuro zine yaragiye mu bitaro
- Umuhungu wiwe na we nyene yarafashwe na bi cane, abakobwa biwe batatu arabafata ku nguvu
- Itariki 9 z'ukwezi kw'icenda mu 2012: umuhungu wiwe yariyahuye
- Itariki 10 z'ukwezi kw'icenda mu 2012: Sauvage yarashe umugabo wiwe incuro zitatu amuturutse inyuma
- Mu kwezi kw'ivumi mu 2014: yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 10 yagirijwe ubwcanyi butateguwe
- Mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2015: Sentare y'iyungururizo yagumijeho ico gihano
- Mu kwezi kwa mbere mu 2016: Prezida Hollande yarabonanye n'abakobwa biwe, bamutera akamo ko kurekuza Sauvage vuba
- Itariki 28 z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2016: Sauvage yavuye mw'ibohero