Nigeria : Igitero ca bombe cahagaritswe

Don Awunah

Uwo ni umurwi w'abanyagihugu bo muri Biafra bashaka ko intara yabo yikukira, umukuru wabo yafashwe akekwa gukora ico gitero

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Uwo ni umurwi w'abanyagihugu bo muri Biafra bashaka ko intara yabo yikukira, umukuru wabo yafashwe akekwa gukora ico gitero

Kubw'umuvugizi w'igipolisi Don Awunah, ni umurwi w'abipfuza kwiyonkora kuri Nigeria bo muri Biafra bari bashatse kugaba ico gitero, uwubarongoye akaba yafashwe.

Ikiraro kiri ku butaka bw'igisagara ca Lagos nico cahigwa kikaba gihuza ikaritiye ikoregwamwo ivyashara iri kw'izinga hamwe n'igice gisigaye c'ico gisagara.

"Tumaze igihe kirekire tubikurikirana, uwurondegwa cane Abiodun Amos, batazira Senti ari nawe yararongoye umurwi wagira usambure ikiraro kiri ku butaka bwa Lagos yafashwe 02/10/ 2016, niko umuvugizi w'igipolisi yavuze.

Inkoho zibiri zo mu bwoko bwa kalashinkov AK-47 zafatiwe aho yari yinyegeje muri karitiye ya Ikorodu i Lagos, niko yabandanije avuga.

"Uwarondegwa cane ni umu Igbo, aturuka mu karere ka Ese Odo, muri reta ya Ondo. Ni umuhinga mu gukora ibisasu biturika bikoreshwa mu bikorwa vy'iterabwoba", niko umuvugizi w'igipolisi yavuze.

Kubw'uwo muvugizi, uwurongoye uwo murwi w'aba Igbo ni we yatanze amakuru yatumye hafatwa ibikarato bibiri vy'ibisasu biturika hamwe n'ibikoresho 125 bifasha guturitsa (détonateurs) vyari mu modoka yagira ije kuri ico kiraro.

"Ico gitero cahagaritswe cari kwonona ibitari bike kuri reta ya Lagos no kuri Nigeria muri rusangi", kubw'uwo muvugizi w'igipolisi avuga ko kiriko kirahiga abandi bantu b'uwo murwi.