Ubushinwa: Umwaka w'isake waranzwe n'igishusho ca Trump

Ahavuye isanamu, AFP
Umwaka mushasha utangura itariki 28 z'ukwezi kwa mbere, ni umwaka w'isake mu migenzo y'abashinwa
Prezida yatowe Donald Trump yaravuruze abategetsi ba Beijing ku vyo yavuze bijanye n'ubucuruzi hamwe no kuri Taiwan, ariko biriko biribonekeza ko atanguye kumenyerana n'abanyagihugu b'Ubushinwa.
Mu gihe umwaka w'isake wegereje, igishusho cakozwe gishingiye kuri Trump n'inyifato yiwe kiramanitse ku kibuga co kui maduka ya Taiyuan mu ntara ya Shanxi.
Uwiyumviye kugikoresha yabwiye ikigo c'itangazamakuru co mu Bushinwa ko yisunze imishatsi ya Trump hamwe n'ingene akinisha intoke
Ahavuye isanamu, Getty Images/Online VCG
Imishatsi ya Trump yariganywe mu gukora igishusho
Umwaka mushasha wisunze ukwezi utangura itariki 28 z'ukwezi kwa mbere.
Ubutegetsi bwa Beijing bumaze imisi buvuga cane Trump aheruka kugena umuntu yifatiye mu gahanga igihugu c'Ubushinwa akamuha kurongora igisata c'ubucuruzi; yavuganye na Prezida wa Taiwan mu kurenga politike Amerika imaze igihe igenderako "One China policy" itemera igihugu ca Taiwan; mu kwagiriza Ubushinwa ko bwagira bwibe indege idakenera umushoferi (drone) igendera munsi y'amazi.
Ku bw'imigenzo y'abashinwa ishingiye ku vya "zodiac", Donald Trump ngo ni "imbwa", igengwa n'ukudahemuka, kutabesha, imenyereye politike, idahinduka iguma ibona ko isi ari mukeba.