Amerika: abagabo batatu bagirizwa $4m ku buhinga ngurukanabumenyi

Ahavuye isanamu, PA
Abo bantu batatu bagirizwa gukoresha amakuru babuye mu kurondera amahera
Abashikirizamanza bavuze ko abo bantu batatu bashoboye kuronka izo miliyoni $4 mu gukoresha amakuru babuye mu bigo bikomeye vy'abahinga mu vy'amategeko.
Bamaze kwabura amakuru baguze imitahe mu mashirahamwe yaragiye kunywana.
Umwe muri abo bagabo yafashwe mu gihe abandi banyaze amagara.
Iat Hong, aturuka Macau, yafashwe ku musi wa Mungu i Hong Kong, niko igipolisi cabwiye BBC. Yitavye sentare ku musi wa mbere, bikavugwa ko arindiriye kurungikwa muri Amerika.
Abandi ni Bo Zheng aturuka Changsha na Chin Hung aturuka Macau.
Abo bikekwa bagirizwa kuba babuye ibigo indwi vy'abahinga mu vy'amategeko vy'i New York barondera kumenya imigambi abagwizatunga bimirije gukora.