Syria: imirwi yumvikanye guhagarika ingwano

Aleppo yarabayemwo ingwano y'ubunyamaswa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Aleppo yarabayemwo ingwano y'ubunyamaswa

Ayo masezerano yatangajwe na Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin munyuma yemezwa n'umushikiranganji w'imigenderanire y'igihugu ca Turkia n'amakungu.

Uburusiya hamwe na Turkia bishigikiye imirwi yari ihanganye bazofasha gushira mu ngiro ayo masezerano.

Umurwi "High Negotiations Committee" (HNC) ufatwa na Onu ko ariwo mukuru mu yitavuga rumwe na reta wemeje ayo masezerano atinjijwemwo imirwi y'aba "jihadistes".