Somalia: Ihiganwa ry'umupira w'amaguru i Kismayo

Ikibuga c'indege ca Kismayo kigenzugwa n'abasirikare

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Ikibuga c'indege ca Kismayo kigenzugwa n'abasirikare

Imirwi umunani ivuye mu duce dutandukanye tw'intara ya Jubaland niyo igiye gutanira mu mitwe i Kismayo mu ihiganwa ribaye irya mbere kuva aho reta nkuru ya Mogadishu isambukiye haraheze imyaka irenga 20, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Ahmed Adan yabimenyesheje.

Ikigo kigenzura umupira w'amaguru muri Somalia "Somalia's Football Federation" cavuze ko ino ari intango yo gushinga amashirahamwe y'umupira w'amaguru y'uturere azotuma abakinyi bafise impano batera imbere, bifashe no gutora imirwi yohiganwa mu gihugu cose, niko cabwiye umumenyeshamakuru wa BBC.

Ahmed Adan yavuze ko mu kwezi kw'indwi kw'uno mwaka, Somalia yatunganije ubwa mbere ihiganwa mpuzantara ry'umupira w'amaguru ryabaye umushinge watumye igihugu cinjira icese mu vy'inkino.

Rino higanwa ribaye mu gihe umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabaab uguma uhungabanya umutekano hirya no hino mu gihugu, ukaba wirukanywe i Kismayo n'abasirikare bo mu murwi Amisom mu 2012, bituma ico gisagara kigarukamwo umutekano.

Insiguro y'isanamu,

Umumenyereza Arsene Wenger w'umurwi Arsenal wemeye kunagura igisata c'umupira w'amaguru muri Somalia

Mu gihe ubutegetsi buriko burakora uko bushoboye ngo bunagure igisata c'umupira w'amaguru, amashirahamwe akomeye ku isi muri urwo rukino aza yaremeye guterera agacumu k'ubumwe.

Umurwi wa Arsenal ukinira mu gihugu c'Ubwongereza waremeye ko ugiye gutanga uburyo bw'amahera ngo ufashe kunagura urwo rukino mu gihugu ca Somalia.