"Drones" mu gikorwa co gutanga amaraso muri Tanzania

Ahavuye isanamu, DFID
Prezida Paul Kagame w'Urwanda (wa kabiri uvuye ibubamfu) atanguza igikorwa co gutanga amaraso hakoreshejwe "drone"
Intego ni ukugabanya kugera ku muzi umwanya bifata ico gihugu kurungika ayo maraso ku mavuriro n'imodoka canke hakoreshejwe ubundi buryo.
Ishirahamwe Zipline rya Silicon Valley ryo ryatanguye gukora igikorwa nka mwenico mu Rwanda mu kwezi kw'icumi rizofasha muri uwo mugambi.
Ikigo c'Ubwongereza kijejwe iterambere mu makungu "Department for International Development" (Dfid) ntikiravuga amahera azokoreshwa muri uwo mugambi ingene angana canke umwanya kizomara kiyatanga.