Amerika yirukanye abarusiya 35 kubera amatora aheruka

Umunyagihugu ariko aratora muri Amerika
Insiguro y'isanamu,

Umunyagihugu ariko aratora muri Amerika

Abakozi 35 mu baserukira igihugu c'Uburusiya muri Amerika nibo birukanywe, abanyamerika bakaba bavuze ko bafise uruhara mu gutoba amatora n'inzego, niko amakuru ya BBC yamenyesheje.

Ingo zibiri z'ubuserukizi bw'Uburusiya nazo nyene zugawe, imwe y'i New York hamwe n'iyindi y'i Maryland, niko iryo tororokanirizo ry'amakuru ryabandanije rivuga.

Prezida Obama yavuze ko ivyo bikorwa vyo gutoba amatora vyoba vyahimirijwe n'abategetsi bo hejuru bo muri reta y'Uburusiya, kandi ko abanyamerika bose bakwiye kwitegurira ivyo Moscou ishobora guhita ikora.

Moscou yahakanye ivyo birego.