Syria: Intambara yahagaze mu gice kinini c'igihugu

Ihagarikwa ry’intambara rishasha hagati ya reta ya Syria n’imigwi iyigwanya ahanini ryakurikijwe.
Ariko havuzwe itana mu mitwe ridashemeye cane mu duce tumwe tumwe, kuva iryo hagarikwa ry’intambara ryamenyeshejwe n’Uburusiya na Turkia ritanguye gukurikizwa isaha zitandatu z’ijoro (22:00 GMT) ku musi wa kane.
Ayo masezerano arimwo imigwi myinshi igwanya reta ariko nta migwi y’iterabwoba nka Islamic State canke YPG iyafisemwo uruhara.
- Syria: imirwi yumvikanye guhagarika ingwano
- Abagwanyi bemeye ibiganiro vyo guhagarika ingwano muri Syria
Mu gihe vyoguma uko, n’aho hari ahaba ugutana mu mitwe bidakomeye, bitegekanijwe ko haba ibiganiro vy’amahoro I Kazakhstan mu kiringo c’ukwezi.
Ishirahamwe rya Syria rijejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu rifise icicaro mu Bwongereza (SOHR), rivuga ko igihugu nka cose cari gitekanye mw’ijoro ryakeye. Ariko ryavuze ko habaye ugushamirana bidakaze hagati y’abagwanyi n’ingabo za reta mu ntara yo mu buraruko ya Hama.
Umukuru wa SOHR Rami Abdel Rahman yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya AFP ko: “ Utugwi duto duto twitwaje ibigwanisho n’iyindi migwi ishigikiye reta, bariko bararondera kuburizamwo iryo hagarikwa ry’intambara, kuko rigeramiye ukubaho kwayo.”
Ababa mu karere ka Ghouta mu buseruko bwa Damas na bo nyene bavuga ko bumvise irwamo rw’amasase rwamaze umwanya udashika amasaha abiri, inyuma y’aho ihagarikwa ry’intambara rigiriye mu bikorwa.
Ahandi havuzwe kurenga kuri iryo hagarikwa ry’intambara ni Idlib, mu buraruko bushira uburengero bwa Syria.
Abantu boba bashika 300.000 ni bo boba bamaze kwicirwa mu ntambara yakurikiye imigumuko yo gushaka gukura ku butegetsi prezida Bashar al-Assad mu kwezi kwa gatatu mu 2011.