Umudereva w'indege yafashwe aborewe

Igipolisi ca Canada cafashe umudereva w’indege yari mukibanza bicaramwo yaborewe cane nk’uko vyerekanywe n’ibipimo bamugiriye.
Uwo mudereva yategerezwa gutwara indege ava ku kibuga c’indege ca Calgary muri Canada aja mu gihugu ca Mexique, hanyuma abo bakorana babona ntameze neza ari na ko kumutangira raporo.
Mu nyuma gato yaguye ntiyavyuka.
Ubu rero bamwitwariye yagirizwa gushaka gutwara indege yaborewe, no kudakurikiza amategeko y’akazi.
Hanyuma uwundi mudereva yaciye atwara iyo ndege y’ishirahamwe rya Sunwing yariko iraja I Cancun mu gisagara ca Mexico, itwaye abantu barenga ijana.