Arsenal yagwanye rugabo mu rukino rwabahuje na Bournemouth

Olivier Giroud ni we yagaragaye cane muri urwo rukino
Image caption Olivier Giroud ni we yagaragaye cane muri urwo rukino

Arsenal yaronse inota rimwe mu rukino rwabahuje na Bournemouth inyuma yo kugombora ibitego bitatu vyose.

Zari nk'indoto igihe Arsenal yinjiza ibitego bitatu mu nimota 20, mu gihe umugwi wa Bournemouth wari umaze kubatsinda ibitego 3-0.

Alexis Sanchez ni we yabanje kwinjiza igitego ca mbere ca Arsenal ku munota wa 70, imbere y'uko Lucas Perez yinjiza ikigira kabiri inyuma y'iminota itanu.

Image caption Bournemouth yatanguye gucika intege inyuma y'aho umukinyi wabo Simon Francis aherewe ikarata itukura

Bournemouth yatanguye gucika intege inyuma y'aho umukinyi wabo Simon Francis aherewe ikarata itukura ku munota wa 83, bituma Arsenal igarukana inguvu muri urwo rukino aho Olivier Girou yatsinze igitego co kunganya ku munota wa 90, iyo migwi yose ica igabana amanota.

Ubu Arsenal iguma mu kibanza ca kane n'amanota 42, mu gihe AFC Bournemouth baciye baduga mu kibanza c'icenda n'amanota 25.