Abanyororo benshi batorotse ibohero muri Philippine

Umugwi wa MILF waheruka gushira umukono ku masezerano yo guhagarika intambara mu misi iheze. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugwi wa MILF waheruka gushira umukono ku masezerano yo guhagarika intambara mu misi iheze.

Abantu benshi bitwaje inkoho bagize igitero kw'ibohero rimwe riri mu bumanuko bwa Philippine bituma abanyororo barenga 150 batoroka.

Abo bateye bishe umupolisi umwe, umunyororo umwe na we arakomereka.

Abategetsi bakeka ko abateye boba bafitaniye isano n'imigwi ya ki Islam ishaka kwiyonkora.

Philipine, igihugu kirimwo abakatolika benshi cama gihanganye n'imigwi ishaka kwiyonkora mu turere two mu bumanuko haraheze imyaka myinshi cane.

Muri utwo turere haranyururizwamwo abantu, hakaba imidurumbanyo, abanyororo na bo bagatoroka amabohero.

Ivyaheruka ubu vuba mw'ibohero ryo mu ntara ya Cotabato mu buraruko hagufi y'igisagara ca Kidapawan, mw'izinga rya Mindanao.

Abarongoye amabohero bavuga ko abo bateye bashitse nk'isaha indwi y'ijoro, baca batangura kurasa muri iryo bohero ririmwo abanyororo barenga 1.500.

Ukurasana kwamaze umwanya wababa amasaha abiri.

Muri ako kajagari, bamwe mu banyororo bahungiye inyuma y'ibohero baca basimba uruhome bakoresheje ibitanda bagerekeranije nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya GMA.

Abasirikare n'abapolisi bariko barasaka abatorotse.

Abanyororo bashika batandatu gushika ubu ni bo bamaze gufatwa.

Imigwi ya ki Islam nka Moro Islam Liberation Front (MILF) na Abu Sayyaf ni bo bahora bakora mwene ivyo biterovy'iterabwoba bagafata ingwati ingenzi umwanya muremure.

MILF ubu babandanya kwubahiriza amasezerano y'amahoro bagiriraniye na reta.

Ariko hari abagwanyi bamiriye kuri iryo hagarikwa ry'imigwano.