Obama yasavye abademokrate kugwanira Obamacare

Ahavuye isanamu, AP
Obama ashitse ahabera inama mu nzu y'inama nshingamateka Capitol Hill
Prezida Obama yahimirije abademokrate kugwanira itegeko ritanga uburenganzira bwo kwivuza ku banyagihugu, ubutegetsi bwa Trump buvuga ko butegerezwa guhindura.
Mu nama y'ikibiriraho y'amasaha abiri, Obama yasavye ashimitse abashingamateka b'uwo mugambwe gushigikira iryo tegeko, mu gihe abarepublicain na bo bariko barafata ingingo yo gufuta iryo tegeko.
Icegera c'umukuru w'igihugu aherutse gutorwa, Mike Pence, na we nyene yari mu nama nshingamateka, aho yavuze ko umugambwe wiwe uzofuta iryo tegeko rizwi cane nka Obamacare.
Iryo tegeko ryatumye abanyamerika bashika imiliyoni 20 bashobora kuvurwa.
Ariko iryo tegeko rifise ingorane z'iduzwa ry'amahera arihirwa abavuwe hamwe n'uko amashirahamwe menshi y'ubwishingizi yivanye muri uwo mugambi wo kuvura abantu.
Ivyo bituma abanyamerika benshi batagira iyindi nzira bocamwo mu kwivuza.

Ahavuye isanamu, EPA
Abademokrate ntibakiriye neza akamo ka Trump ko gukura Obamacare
Inyuma y'aho prezida Obama agiriye urwo rugendo ruhambaye ku cicaro c'inama nshingamateka Capitol Hillku musi wa gatatu, umushingamateka w'umugambwe w'abademokrate, Elijah Cummings yabwiye abamenyeshamakuru ko Obama yabasavye kugwanira iyo politike yo kuvura abantu yashitsweko n'ubutegetsi bwiwe.
Baamwe mubari bahari babwiye abamenyeshamakuru ko uwo mukuru w'igihugu arangije ikiringo ciwe yabasavye "kugira inguvu" mu gihe abarepublicain bariko baritegurira kurongora ico gihugu ca Amerika, inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Ivyo yabivuze mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka bikoranye vyafashe ingingo ya mbere yo gushaka gufuta Obamacare.
Batoye ku majwi 51 kuri 48 uko amahera yokoreshwa, bitumbereye ahanini kudatanga amahera yokoreshwa muri uwo mugambi wa Obamacare.