Aba Uighurs benshi bahagaritswe muri Turkia bagirizwa igitero

Amafoto y'uwukekwa ko yagize ico gitero ari mu binyamakuru vyose muri Turkia
Turkia cahagaritse abantu benshi bo mu bwoko bw'aba Uighurs kubera igitero cagizwe ku nzu yo kwidagaduriramwo cahitanye ubuzima bw'abantu 39, nk'uko biri mw'itororokanirizo ry'amakuru ya reta.
Abahagaritswe bizwi ko baje bava mu ntara yo mu Bushinwa ya Xinjiang bafitaniye ubucuti n'uwagize ico gitero, nk'uko bivugwa na Anadolu.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere Veysi Kaynak yavuze ko uwo yagirizwa ico gitero ashobora kuba ari umu Uighur, kandi ko yakigize weneyene, ariko ko hashobora kuba hariho abamufashije.
Ahavuye isanamu, Reuters
Turkia carakajije umutekano mu gihugu cose, haba butaka no ku bibuga vy'indege.
Igipolisi cari gisanzwe carahagaritse abantu barenga mirongo ibiri bazira ico gitero, ariko uwo bagikekako ntibaramufata.
Umuhari wa Islamic State wavuze ko wagize ico gitero kubera uruhara rwa Turkia mu ntambara iriko irabera muri Syria.
Ahavuye isanamu, AFP
Abantu 27 kuri 39 biciwe mu nzu yo kwidagaduriramwo ya Reina ni abanyamahanga