Antonio Conte: Tottenham ishobora gutwara igikombe

Antonio Conte wa Chelsea asema Tottenhama inaweza kuwania taji la ligi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Antonio Conte wa Chelsea asema Tottenhama inaweza kuwania taji la ligi

Umumenyereza wa Chelsea, Antonio Conte yavuze ko Tottenham ishobora gutsinda ihiganwa ryo mu Bwongerezainyuma yo kubatsinda ibitego 2-0 bari bamaze gukina inkino 12 badatsindwa na rimwe.

Imipira ibiri iciye ku mutwe wa Dele Ali ni yo yafashije Tottenham gutsinda Chelsea kuva mu kwezi kw'icenda, bituma uwo mugwi ugabanya amanota Chelsea yabarusha gushika ku ndwi, uca uja no mu kibanza ca gatatu.

"Tottenham ni umugwi mwiza cane kandi mvugishije ukuri n'umwe mu migwi ishobora gutahukana intsinzi muri iri higanwa", ni ko Conte.

Umumenyereza Mauricio Pochettino yavuze ko Tottenham ishobora gushika kure.

Tottenham ni yo yari ihanganye na Leicester City mu mwaka uheze, aho bari inyuma yabo amanota atanu mu gihe hari hasigaye inkino zine, ariko ihiganwa ryaheze bari mu kibanza ca gatatu inyuma ya Arsenal inyuma yo gukina nabi.

Muri uyu mwaka ntibaratsindirwa iwabo na rimwe, kandi umumenyereza Pochettino w'imyaka 44 avuga ko kubandanya gutsinda ari vyo bishobora gufasha uwo mugwi gushika kure.