Uburusiya buriko buragabanya ingabo zabwo muri Syria

Indege y'intambara y'Uburusiya yo mu bwoko bwa Sukhoi Su-34 ku kibuga c'indege ca Hmeimim muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Russian Defence Ministry
Image caption Indege z'Uburusiya zitera amabombe zarafashije cane President Bashar al-Assad

Uburusiya bwatanguye kugabanya ingabo zabwo muri Syria hakoreshejwe indege nk'uko inkuru ziva mu gisirikare zibivuga.

Ivyo bimenyeshejwe inyuma y'imisi mike Uburusiya na Turkia batanguje ibiganiro vyo guhagarika intambara muri Syria ryakurikijwe muri rusangi, nk'uko bivugwa na Onu.

Uburusiya bwahora bugira ibitero vy'indege ku migwi igwanya reta kuva mu 2015.

Ukwisuka muri iyo ntambara kwatumye prezida wa Syria Bashar al-Assad atsinda urugamba.

"NK'uko biri mu ngingo yafashwe umugaba w'ingabo w'ikirenga z'Uburusiya, Vladir Putin, ubushikiranganji bwokwivuna abansi bwatanguye kugabanya abasirikare barungitswe muri Syria," uko ni ko Gen Valery Gerasimov yasubiwemwo n'ibimenyeshamakuru vyo mu Burusiya.

Uwurongoye ingabo z'abarusiya ziri mu gihugu ca Syria, Col Gen Andrei Kartapolov yasubiwemwo avuga ko akazi k'abajejwe kujana ibikoresho karangiye.

Col-Gen Kartapolov yavuze ko Uburusiya buguma bufise indege z'intambara zikwiye muri Syri nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Iryo gabanywa ry'abasirikare rikurikiye itegeko rya prezida Putin ryo ku wa 29 ukwezi kwa cumi na kabiri, inyuma y'imisi mike ingabo za Syria zirukanye abagwanya reta mu gisagara ca Alep, intsinzi ikomeye itari bwigere iboneka ku bagwanya prezida Assad mu ntambara yatanguye mu 2011.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubwato bwa Admiral Kuznetsov ntibwakoze vyinshi muri iyo ntambara.

Uburusia, Turkia na Iran ubu bariko barahimiriza ngo habe ibiganiro vy'amahoro mu kwezi kuza ku mugwa mukuru wa Kazakhstan, Astana.

Mu kwezi kwa gatatu, Uburusiya bwari bwamenyesheje ko butahukanye ingabo zabwo ariko bwarabandanije ibitero vyo mu kirere.