Haravugwa ukurasa gukomeye muri Cote d'Ivoire

Abasirikare bagumutse basaba kuronswa amahera n'inzu zo kubamwo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abasirikare bagumutse basaba kuronswa amahera n'inzu zo kubamwo

Umugumuko w'abasirikare mu gihugu ca Cote d'Ivoire ubu wamaze no gutandukira ku murwa mukuru w'ubutunzi, Abidjan.

Kurasa kwumvikanye mu kigo c'abasirikare kabuhariwe mu micungararo y'umuji.

Imigumuko yatanguriye mu muji wa Bouake kuwa gatanu.

Kurasa kwumvikanye kandi mw'ijoro mu miji ya Khorgo na Man.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi ariko arabonana n'abasirikare i Bouake ngo baganira kuvyo basaba, navyo akaba ari amahera ashika ku bihumbu umunani vy'amadolari hamwe n'inzu kuri umwe umwe.

Umunyamakuru wa BBC ari Abidjan avuga ko abanyagihugu benshi bafise icoba, ngo kuko bibibutsa igihe c'intambara yo hagati mu gihugu yaheze mu 2011.

Abasirikare bigaruriye igisagara ca Bouake