Klopp: Nta kosa nagize mu gucagura abakinyi ba FA

Jurgen Klopp Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Liverpool isigaje gukina inkino zitandatu muri uku kwezi kwa mbere gusa

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yisiguye kuba yakinishije abakinyi bakiri bato cane mu rukino 'igikombe ca FA aho banganije ku 0-0 na Plymouth.

Uwo mugwi utegerezwa kuja i Devon gukina urukino rwo gusuiza.

Ivyo ntibozoroha mu gihe uwo mugwi utegerezwa kuzokina inkino zitandatu mu kwezi kwa mbere.

Liverpool izohura Southampton mu nkino zibiri z'igice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe ca EFL kandi bafise urundi rukino rwo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza na Manchester United , Swansea na Chelsea.

Uwo mumeyereza wo mu Budagi yavuze ko ata kosa yakoze mu gucagura abakinyi.

Abakinyi bakinishijwe ku musi wa mungu bari bafise imyaka iri hagati y'imyaka 21 na 29.

Umukinyi w'imbere Ben Woodburn w'imyaka 17 ni we mukinyi muto cane wa Liverpool amaze kwinjiza igitego, inyuma yo kwinjiza umugwi wa Leeds mu gikombe ca EFL akaba yari no mubakinye.

Trent Alexander-Arnold w'imyaka 18 hamwe n'abandi bakinyi batatu b'imyaka 19 - Joe Gomez, Ovie Ejaria na Sheyi Ojo na bo barakinye.

Lucas w'imyaka 29 ni we mukinyi wenyene afise imyaka myinshi yakinishijwe.

"Nakoze akazi neza 'ajo mushaka kubifata ukutariko," uko ni ko Klopp yavuze.

"Mu bisanzwe ntora umugwi ushobora gutsinda mu rukino. Ntitwaravye ivyerekeye imyaka. Bose ni abakinyi bakomeye mu mugwi wacu."

Daniel Sturridge, Adam Lallana na Roberto Firmino binjijwe mu rukino mu gice ca kabiri ariko Liverpool ntibashoboye gutsinda n'aho ari bo bagaragara cane mu rukino.

"Twari gukina neza gusumba, nka 100%. Ikiringo ca mbere twacitse intege hakiri kare, turacenga aho bidakenewe tugatanga n'umupira aho bitategerezwa.

"Twagumanye umupira umwanya wose. Umupira ntiwari uryoshe.."

Plymouth bai mu ibanza ca kabiri mu cicaro ca kabiri.